Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

“Amagufa yazuwe mu ntara ya Mwaro ni ay’uwishwe mu mwaka w’1993” – CVR

Amagufa y’umuntu yazuwe kuri uwu wa gatatu ni ay’umuntu yishwe mu mwaka w’1993, nk’uko vyemezwa n’umurwi w’igihugu CVR ujejwe ukuri n’ukunywanisha abarundi.

Mu murwi CVR ari nabo batunganije igikorwa c’ukuzura ayo magufa bamenyesha ko uwo muntu yishwe mu ntureka zabaye mu mwaka w’1993, akaba yahambwe ku musozi Mahonda, komine Rusaka, intara ya Mwaro.

Inyuma y’ukuzura ibisigarira vy’uwo muntu, amagufa yiwe yaciye ajanwa kubikwa mu kibanza kiri muri zone ya Makamba, komine Rusaka, intara ya Mwaro, ahasanzwe hari ibisigarira vy’abantu bagera kuri 45 bishwe mu rwimo rwo mu mwaka w’1972, nk’uko bivugwa n’umurwi CVR ujejwe ukuri n’ukunywanisha Abarundi.

 

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS