Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Amahoteri atatu gusa y’i Bujumbura niyo afise inyenyeri zitanu (Hôtel cinq étoiles)

Amahoteri agera kuri atatu yose yo mu gisagara ca Bujumbura niyo afise inyenyeri zitanu (Hôtel cinq etoiles) ku rwego rw’igihugu, nk’uko vyemezwa n’umushikiranganji w’ubudandaji yabimenyesheje kuri uwu wa gatanu igihe hariko hashikirizwa uko amahotero asumbana mu Burundi.

Jean Marie NIYOKINDI umushikiranganji w’ubudandaji avuga ko amahoteri basanze afise inyenyeri zitanu ari Club du Lac Tanganyika, Royale Palace hamwe na Hotel Bel Air.

Uwo mushikiranganji aramenyesha kandi ico baraba mu gutanga izo nyenyeri :

“Ni ingene ihoteri imeze, ingene yubatse, ingene ivyumba bisikuye, ingene amatara ameze muri ivyo vyumba, ingene inyuma imeze ko isize irangi neza hose, ko ifise umutekano ukwiye, ko ifise bimwe vy’ukuzimya hateye umuriro.”

Abaronse inyenyeri zikiri hasi, benshi ni abaronse zibiri, umushikiranganji w’ubudandaji abahamagarira kuraba ingene bokwisununura, akizera ko mu minsi iri mu Burundi hazoba hari amahoteri y’inyenyeri zitanu menshi.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS