Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Amasanganya y’imodoka ari mu bihungabanya umutekano mu karere k’ubumanuko

Umukuru w’igiporisi mu karere k’ubumanuko avuga ko umutekano muri ako karere wifashe neza, kiretse ubusuma bwibonekeza mu mazu, hamwe n’amasanganya y’imodoka amaze guhitana abantu bagera 20 muri aya mezi ane y’umwaka 2019.

Thadée Birutegusa arongoye igiporisi mu karere k’ubumanuko amenyesha kandi umutekano uhungabanwa n’abakora ivyaha vy’ugufata ku nguvu abakenyezi n’abigeme, hamwe n’abakorora inda.

Uwo arongoye igiporisi yabishikirije kuri uwu wa mbere mu gihe umushikiranganji w’umutekano Alain Guillaume Bunyoni yari yakoranije abo mu nzego z’umutekano bakorera mu karere k’intara z’ubumanuko, inama yabereye ku murwa mukuru w’intara ya Bururi.

Inzego z’umutekano zari zatumiwe muri iyo nama ni izo mu ntara za Rumonge, Rutana, Bururi hamwe na Makamba zigize akarere k’ubumanuko.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS