Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Amasasu na Gerenade vyumvikanye kuri komisariya y’igiporisi co ku Mpanda

Amasasu menshi yarumvikanye mw’ijoro ryo kuri uwu w’Imana ahakorera igiporisi ca komine Mpanda intara ya Bubanza. Na Gerenade imwe yaratewe aho hakorera igiporisi, Moise NKURUNZIZA icegera c’umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi akaba amenyesha ko bari abitwaje ibirwanisho bariko baregeza kurekuza abagizi ba nabi bari bafashwe n’igiporisi.

Ayo masasu na Gerenade vyumvikanye nk’igihe c’isaha imwe n’iminota 55 mw’ijoro ryo kuri uwu w’Imana, ku musozi Rugenge, zone Butanuka, komine Mpanda, itara ya Bubanza.

Moise NKURUNZIZA asigura ko abaporisi bari baronse amakuru ko mu gatondo ko kuri uwo munsi w’Imana, hari abitwaje inkoho barenganye, babifashijwemwo n’abanyagihugu babiri aribo Nsavyimana Célestin hamwe na Mpewenimana Alexis.

Mw’ijoro ryo kuri uwo munsi nyene, nk’uko bivugwa n’igiporisi, abo bagabo babiri bagirizwa gukorana n’abo bitwaje inkoho barafashwe, mu gihe abajejwe umutekano bariko babinjiza mu gasho, barashwe amasasu menshi, baterwa na Gerenade imwe.

Moise NKURUNZIZA icegera c’umuvugizi w’igiporisi ashikiriza ko ayo masasu na Gerenade atawe vyakomerekeje, akemeza ko amatohoza abandanya kugira uwo murwi w’abitwaje inkoho ufatwe.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS