Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Amasezerano y’ukwubaka urugomero rwa Ruzizi 3 yateweko umukono n’ibihugu bitatu

Abashikiranganji batatu uw’Uburundi, uw’Urwanda hamwe n’uwa Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo bajejwe ubutare n’agataka bateye umukono kuri uwu wa mbere ku masezerano y’ukwubakaba urugomero rwa Ruzizi 3.

Ibikorwa vy’ukwubaka urugomero rwa Ruzizi 3 vyahawe ishirahamwe “Industrial Promotion Services” hamwe na « Société SN Power », ku mafaranga agera ku miriyoni amajana ane y’amadorare. Muri ayo, ibice 50 kw’ijana bizova mw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya. Ibice 20 kw’ijana bikaba vyaramaze kwegeranwa na Banki ya Afrika ijejwe iterambere (BAD), kuva mu 2015.

Ibirori nyezina vy’ugutangura kwubaka urugomero rwa Ruzizi 3 bizotangura mu 2021, urwo rugomero narwo rutangure gukora mu 2016.

Abashikiranganji Come Manirakiza w’Uburundi, Pierre Kangudia wa RDC hamwe na Claver Gatete w’Urwanda bateye umukono kuri ayo masezerano kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 29 Mukakaro 2019, muri « Kempinski Fleuve Congo Hôtel » iri i Kinshasa.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS