Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Amashirahamwe CAPES + na PISC Burundi yerekanye aho ahagaze kw’iyugarwa rya BBC

Amashirahamwe CAPES + hamwe na PISC Burundi abona ko itangazo ryasohowe n’ibihugu bifasha Uburundi mu bijanye n’ubutunzi hamwe n’ubuhinga, kw’iyugarwa ry’amaradiyo BBC n’ijwi rya Amerika, ata kindi rigamije atari uguhungabanya amatora yo mu mwaka w’2020.

Uwo murwi w’ibihugu bifasha Uburundi mu butunzi n’ubuhinga wamenyesheje ko wipfuza ko Reta y’Uburundi yoganira n’amaradiyo BBC n’Ijwi rya Amerika, ku ngingo yafashwe y’ukwugara burundu BBC hamwe n’ukugumizaho ibihano vyafatiwe Ijwi rya Amerika.

Hamza Venant Burikukiye, arongoye ishirahamwe CAPES + avuga ahubwo ko abo bafasha Uburundi bokwegera amaradiyo BBC n’Ijwi rya Amerika bakayahanura gusaba ikigongwe Reta y’Uburundi :

“Namba uwo murwi w’abanyaburaya bavuga ko bafasha Uburundi mu bijanye n’ubuhinga n’ubutunzi bagenzwa n’ukuri n’ineza ku Burundi no ku barundi, ataho bahengamiye canke gukundwakaza, bategerezwa ahubwo kwegera iradiyo BBC n’Ijwi rya Amerika, kugira babahanure ko bosaba imbabazi, basubire kandi bumvikane na Reta, hanyuma basubire kandi biyemeza ko bagiye gusubira gukora bubahirije amategeko, kandi bakubahiriza n’amategeko ajanye n’akazi k’umwuga w’abamenyeshamakuru.”

Urwego CNC rwagirije iradiyo BBC ko ireresi iyo nsamirizi n’imboneshakure yasohoye ku kibanza co mu Kinindo mu gisagara ca Bujumbura coba kiberamwo ihohoterwa rikorerwa abatavuga rumwe n’ubutegetsi ari ikinyoma kigamije gucapfuza isanamu y’Uburundi n’abatwara Uburundi. Ijwi rya Amerika ryagirizwa naryo ko rikoresha umumenyeshamakuru aronderwa n’ubutungane bw’Uburundi, Patrick Nduwimana wo mu gisata c’igiswahi i Washington DC yahoze arongoye insamirizi Bonesha FM yagirizwa ko yagize uruhara mw’igeragezwa ry’uguhirika ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza.

 

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS