Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Amatoni 10 y’amasaka agiye gutangwa mu ntumbero y’ukurwiza imbuto mu ntara

Umwimbu ugera hafi ku matoni cumi (10) w’amasaka wo mu bwoko bw’urubere niwo witezwe ko wimburwa mu murima uri ku mutumba wa Mparambo ya mbere muri komine Rugombo intara ya Cibitoke. Uwo murima ni uw’umuhari w’abakenyererarugamba bo mu mugambwe CNDD FDD urongowe na Goreth Yamuremye.

Ayo masaka yatanguye kwimburwa kuri uno wa gatatu, akaba yarimwe mu murima w’uburinganire bwa hegitare zitatu.

Nk’uko abo bakenyererarugamba ba CNDD FDD babimenyesha, imbuto bakoresheje yangana n’ibiro 30, ariko ubu hakaba hitezwe amatoni cumi y’umwimbu.

Goreth Yamuremye arongoye umuhari w’abakenyererarugamba avuga ko ayo masaka bimbura afise akamaro kanini, kuko akoreshwa haba mu kugira umusururu, kuyacumbamwo umutsima, kuyateka nk’umuceri bakayafungurana nibindi biribwa, hamwe no kuyengamwo inzoga.

Goreth Yamuremye amenyesha ko umwimbu wa mbere ubonetse uzohabwa izindi ntara mu ntumbero yo kugwiza imbuto, nk’uko biri mu mugambi w’umugambwe CNDD-FDD wo kurwanya ubukene.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS