Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Amwe mu madosiye makuru uwahora arongoye CNIDH yasigiye umusubirizi wiwe

Uwahora ari umukuru w’umurwi w’igihugu CNIDH ujejwe agateka ka zina muntu Jean Baptiste Baribonekeza avuga ko amwe mu madosiye akomeye asigiye Sixte Vigny Nimuraba yamusubiririye ari ay’abasaba uwo murwi ko wobafasha, ayo nayo akaba ari mu bwoko butatu, nk’uko vyashikirijwe na Jean Baptiste Baribonekeza.

Ayo madosiye yo mu bwoko butatu ajanye n’ugukingira hamwe n’ugufasha abafise ibibazo vy’agateka ka zina muntu, amadosiye ajanye n’ukwigisha ibijanye n’agateka ka zina muntu, hamwe n’amadosiye y’ukugira inama abetegetsi kugira ingingo zifatwa mu gihugu zibe nziza muvy’agateka ka zina muntu.

Jean Baptiste Baribonekeza yashikirije amwe mu madosiye makuru makuru asigiye umusubirizi wiwe :

“Amadosiye makuru makuru tumusigiye harimwo amadosiye y’abantu bakeneye ko babafasha, ariko ayo aba ari mw’ibanga gushika inyishu ibonetse, harimwo n’imigambi ivyo CNIDH isanzwe yarateguye gukora muri iyi mwaka itanu gushika mu 2020, hariho n’igitabu c’imigambi, ivyiyumviro CNIDH imigabo yayo, ivyo ishaka gukora gushika mu 2020, hamwe rero n’ibindi bijanye n’ugutunganya akazi ngaha muri CNIDH canke mu gutunganya imigenderanire hagati ya CNIDH n’abo dusanzwe dukorana, canke incuti n’abagenzi.”

Jean Baptiste Baribonekeza yabishikirije kuri uwu wa gatanu mu gihe uwo yahora arongoye umurwi w’igihugu wigenga ujejwe agateka ka zina muntu (CNIDH) yariko abisikanye n’uwumusubiriye Sixte Vigny Nimuraba, uwo nawe akaba yamenyesheje ko azobandaniriza aho abahahora bari bagejeje ibikorwa.

 

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS