Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Bamwe mu bahoze hamwe na RWASA Agathon bagiye gutanguza umugambwe wabo

Abantu bavuye mu migambwe itandukanye nk’umuhari PALIPEHUTU FNL wahoze urongowe na RWASA Agathon bavuga ko bashaka kubona kazoza keza k’Uburundi karangwa n’amahoro bagiye hamwe bumvikana gutanguza umugambwe uzokwitwa “Umugambwe w’abakundagihugu Bagenderabuntu, mu rurimi rw’igifaransa Parti MPH : “Mouvement des Patriotes Humanistes”.

Abashaka gutanguza uwo mugambwe bamenyesha ko bagiye hamwe kw’igenekerezo rya 14 Ruhuhuma 2019, mu ntumbero yo kwegeranya abarundi bo mu ntara zose, abari mu mahanga, abigeze kuja mu migambwe hamwe n’abashaka gutangura poritike.

Muri iyo nama bagize, abashaka gutanguza uwo mugambwe bashikiriza ko bumvikanye ingene bokwitegurira amatora yimirije yo mu mwaka w’2020.

Uwo mugambwe utaremererwa mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu uzoba ufise icivugo : “Ubutungane, iterambere, umusesekara n’ugusabikanya.”, ukaba kandi umaze n’ugushikiriza abazoba indongozi zawo.

Umukuru w’iryo huriro ni uwitwa Nick Pol Casimir Nicayenzi. Icegera ca mbere c’umukuru w’umugambwe ni RWASA Bernardo SINDIBARURA, icegera ca kabiri Primitive Ndayisenga.

Jacques KENESE ni komiseri mukuru w’iryo huriro, umunyamabanga mukuru nawe akaba ari Emmanuel MIBURO.

Haruna Nkunduwiga nawe ni icegera c’umunyamabanga mukuru.

Abagize ihuriro MPH bashikirije ico ciyumviro c’ugutanguza umugambwe wabo, inyuma y’aho umugambwe CNL wa RWASA Agathon yemerewe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu.

 

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS