Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Bamwe mu bashingamateka ntibabona kumwe na Reta y’Uburundi ibijanye n’ishirwaho rya ABREMA

Mu gihe Reta y’Uburundi ivuga ko igiye gushiraho ikigo ABREMA gikurikirana ibifungurwa bihinguwe kandi bitekeye, imiti ivura abantu n’ibitungwa, imiti ikoreshwa ku biterwa, amavuta y’ukwisiga, imiti ihingurwa mu biterwa, imiti kama, hamwe ibikoresho vyo kwa muganga, bamwe mu bashingamateka bamenyesha ko hatari bwagere ko ico gisata kijaho, kuko muri kahise vyabonetse ko hari ibigo bijaho, ariko ntibikore ico biba vyagenewe. Abo bashingamateka batanze akarorero k’ikigo BBN (Bureau Burundais de Normalisation) kijejwe gukurikirana ko ibinyobwa n’ibifungurwa bidandazwa bikurikije amategeko, ariko ico kigo kitariko kirakora neza.

Reta y’Uburundi yaheruka kumenyesha ko mu bihugu vyose bigize ishirahamwe rya Afrika y’ubuseruko, Uburundi aribwo bwonyene budafise igisata ciharije, gikurikirana ko ivyinjira mu Burundi bitabangamira amagara y’abantu. Mu ngoro y’amakoraniro mu Kigobe, mu gihe umurwi w’abashingamateka wahora mu rugendo rw’akazi mu gihugu ca Kenya wariko ushikiriza icegeranyo cawo, abo bashingamateka bashikirije ko no mu bihugu nka Tanzaniya na Kenya ico kigo atakiriyo. Abo bashingamateka bagasanga rero n’Uburundi butokwihutira gushiraho ico kigo ABREMA.

Umushikingamateka Daniel Gelase NDABIRABE avuga ko Reta y’Uburundi yobanza gutegura neza, ivy’ishirwaho ry’ico kigo, kugira kizotangure gukora gishobora kurangura neza imirimo gishinzwe, n’uburyo bukwiye bw’ugukora bugihari.

Umushingamateka Agathon RWASA, icegera ca mbere c’umukuru w’inama nshingamateka avuga ko amakenga yiwe ari ingene bokwihutira gushiraho ico gisata, na BBN ataco yakoze ku myidogo y’abanyagihugu baheruka kuvuga ko barwaje n’imitobe ya Fungus banyoye : “Hanyuma ukaja wumva abantu bariko bakoma induru, BBN aho guca urubanza, ikavuga ngo twaratenyenye, ngo twarabahaye amezi atu kugira bitunganye. Bitunganye kandi abantu bariko bavuza induru ?”

Reta y’Uburundi isanga hari ibikorwa bimwe bimwe bigora ubushikiranganji bw’amagara y’abantu kuko habuze igisata c’ubuhinga gifashanya n’ubwo bushikiranganji, aho bakavuga nk’irwirirana mu Burundi ry’ibifungurwa bihinguwe ku buhinga bwa none biva mu mihingo itandukanye kandi bitemejwe bishobora kuba inkomoko y’ingwara zimwe zimwe.

Prosper NTAHORWAMIYE, umuvugizi wa Reta y’Uburundi avuga ko mu ntumbero y’ugukingira amagara y’abantu, hakenewe ko ibifungurwa n’imiti bikurikiranwa n’igisata c’ubuhinga kimwe.

Mu nama nshikiranganji yabereye i Gitega ku munsi wa kane w’indwi iheze, Reta y’Uburundi yamenyesheje ko igiye gushiraho igisata gikurikirana ibifungurwa bihinguwe kandi bitekeye, imiti ivura abantu n’ibitungwa, imiti ikoreshwa ku biterwa, amavuta y’ukwisiga, imiti ihingurwa mu biterwa, imiti kama, hamwe ibikoresho vyo kwa muganga.

Reta y’Uburundi ikaba yashizeho umurwi ujejwe kwiga ishirwaho ry’urwo rwego, uwo murwi ukaba wahawe ikiringo kingana n’ukwezi kumwe. Uwo murwi wahawe kandi igikorwa c’ugutegura itegeko rivuga isubirwamwo ry’ikigo BBN (Bureau Burundais de Normalisation.)

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS