Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Batanu bo muri CNIDH batowe n’inama nshingamateka

Inama nshingamateka y’Uburundi ihejeje gutora batanu bo mu murwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu. Abatowe ni abahutu batatu, n’abatutsi babiri.

Abo batowe kuri uwu wa kabiri kugira baje muri CNIDH (Conseil National Indépendant des Droits de l’Homme), bakuwe mu mazina 15 yari mu nama nshingamateka, ayo nayo akaba yavuye mu bari bitavye akamo katewe n’inama nshingamateka, ko kwiyandikisha ku bakwije ivyasabwa kugira baje muri uwo murwi. Abatowe ni :

Anatole BACANAMWO, Umuhutu
Sixte Vigny NIMURABA, Umuhutukazi
Jacques NSHIMIRIMANA, Umuhutu arongoye ishirahamwe FENADEB.
Consolate HABIMANA, Umututsikazi
Janviere HATUNGIMANA, Umututsikazi

Sixte Vigny NIMURABA avuka mu ntara ya Karusi akaba ariwe yatowe n’inama nshingamateka nk’umukuru w’uwo murwi CNIDH, agiye mu kibanza cahoramwo Jean Baptiste BARIBONEKEZA.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS