Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Benjamin MKAPA yatanze imihoho mu biganiro bihuza Abarundi

Umufasha w’umuhuza mu biganiro bihuza Abarundi, Benjamin William MKAPA yatangaje kuri uwu wa kane ko atanze imihoho mu biganiro bihuza Abarundi muri ayo mabanga yashinzwe n’abakuru b’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko.

Benjamin William MKAPA yamenyesheje ko yananiwe igikorwa yahawe, kuko impande zose zitamufashe kugishikako.

MKAPA atanze imihoho inyuma y’aho abakuru b’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko, mu nama yabo igira iya 20 yabaye kuwa gatanu igenekerezo rya mbere Ruhuhuma 2019, bahawe icegeranyo c’umufasha w’umuhuza mu matati y’Abarundi, Benjamin William MKAPA yahoze ari umukuru w’igihugu ca Tanzaniya.

Abo bakuru b’ibihugu barashimiye Benjamin William MKAPA ku gikorwa arangura c’uguhuza abatavuga rumwe mu Burundi, mu biganiro bibera hanze y’Uburundi.

Muri iyo nama yariko ibera mu gisagara ca Arusha, mu gihugu ca Tanzaniya, nk’uko biri mw’itangazo ryasohowe, abo bakuru b’ibihugu bafashe ingingo ko imibonano igiye kubandanya, kugira ivyo biganiro bihuza Abarundi biyobowe n’akarere ka Afrika y’ubuseruko bibandanye.

Iryo tangazo ntiryatomora ariko ryari ivyo biganiro bizobandanya hamwe n’ingene bigiye kubandanya.

Gaston SINDIMWO, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu avuga ko Reta y’Uburundi itemera icegeranyo catanzwe n’umufasha w’umuhuza mu biganiro bihuza Abarundi, Benjamin William MKAPA.

Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Gaston SINDIMWO amenyesha ko Reta y’Uburundi itemera ico cegeranyo kubera itaserukiwe muri ivyo biganiro. Gaston SINDIMWO yari yaserukiye umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA muri iyo nama agira ati : “Iyo rapport ntayo tuzi, ibwirizwa shingiro ryarahejeje gutorwa kandi ritorwa n’abarundi. No mu bihugu vyabo amabwirizwa shingiro yaratowe kandi ntibigeze babanza kubaza Uburundi.”

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS