Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Bimwe mu vyahindutse mw’itegeko rishasha rigenga umurwi CNTB

Umurwi w’igihugu ujejwe gutatura amatati y’amatongo n’ayandi matunga umenyesha ko gushika kw’igenekerezo rya 13 Ntwarante 2021 ariryo genekerezo rya nyuma ry’ukwitura uwo murwi w’igihugu. Abazoba bafise amatati ajanye n’amatongo n’ayandi matunga inyuma y’iryo genekerezo, azohora yitura Sentare.

Félicien Nduwuburundi arongoye umurwi CNTB avuga ko itegeko rishasha rigenga umurwi CNTB riheruka guterwako umukono n’umukuru w’igihugu kuwa 13 Ntwarante 2019 rivuga ko kuva kuwa 13 Ntwarante 2019 gushika kuwa 13 Ntwarante 2021 arico kirongo cahawe abantu bose bafise amatati kugira babe bituye umurwi CNTB. Inyuma y’aho, abafise amatati y’amatongo n’ayandi matunga bazokwitura ayandi masentare asanzwe.

Ikindi gishasha kiri muri iryo tegeko, n’uko uwo mu murwi CNTB bazoshikiriza inzu bazoca bamuha n’impapuro ndangatongo zayo (Titre de propriete), ibitahora bihaba.

Mu murwi CNTB (Commission Spéciale Terre et autres Biens) bamenyesha ko bafise amadosiye agera ku bihumbi 23 ataratorerwa inyishu mu gihugu cose c’Uburundi.

 

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS