Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Brarudi yagarukanye ihiganwa rya Primusic inyuma y’imyaka itanu ritaba

Ishirahamwe BRARUDI ribicishije ku kinyobwa ca PRIMUS ryatanguje igice ca 4 c’ihiganwa rya PRIMUSIC. Dorine Gateka ajejwe ikinyobwa Primus mu Burundi bwose avuga ko iryo higanwa rifise intumbero yo guteza imbere umuziki no kuraba abafise impano yo kuririmba bataraja ahabona. Primusic izotangura kuri uwu wa kane igenekerezo rya 23 Rusama mu ntara ya Kayanza.

Muri iryo higanwa, hazotorwa abaririmvyi babiri baserukira intara uko ari 17 zigize igihugu c’Uburundi, kiretse mu gisagara ca Bujumbura hazotorwa batandatu, bose hamwe bakwire abaririmvyi 40. Mu nyuma y’aho hazoba ayandi majonjora gushika mu gice ca nyuma ahazosigara abaririmvyi batandatu gusa bazoja mu gice ca nyuma.

Abazoshika mu gice ca nyuma c’iryo higanwa uko ari batandatu, bose bazoronka ubushimwe nk’uko bivugwa na Dorine Gateka. Uwa mbere azoronka imiriyoni 25, uwa kabiri imiriyoni zitanu, uwa gatatu imiriyoni zitatu, uwa kane imiriyoni zibiri, uwa gatanu umuriyoni umwe n’igice, uwa gatandatu nawe aronke umuriyoni umwe.

Kwiyandikisha muri iryo higanwa ni ku rubuga (Site) rwa Brarudi, kuri Facebook Primus Burundi, canke ababishaka bagakoresha Terefone zabo babicishije muri “Application” iri muri “Playstore”

Ihiganwa rya Primus ritunganijwe inyuma y’imyaka itanu ryari rimaze ritaba, rikaba rizotangura igenekerezo rya 23 Rusama risozerwe kw’igenekerezo rya 13 Ruheshi 2019. Abaririmvyi bahagarariye iryo higanwa uwu mwaka (Ambassadeurs) ni Sat B hamwe na Big Fizzo, umurwi nawo ujejwe gutanga amanota ukaba ugizwe n’abantu bane, abahinyanyuzi batatu aribo Amir Pro, DJ Kolly hamwe na Bashir Dia, n’umumenyeshamakuru umwe akora ibijanye n’imico kama ariwe Christian Nsavye.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS