Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Bruno SIMBAVIMBERE batazira Memba yitavye Imana

Umukuru w’ishirahamwe ry’abaririmvyi bo mu Burundi Bruno SIMBAVIMBERE batazira “Memba” yitavye Imana mu gatondo ko kuri uwu wa gatanu, inyuma y’iminsi indwi yari amaze arwariye mu cumba c’indembe (Réanimation) mu bitaro vyitiriwe Umwami Khaled.

Bruno Simbavimbere batazira Memba umukuru wa “Amical des Musiciens du Burundi” yategerewe n’abantu bataramenyekana mw’ijoro ryo ku munsi wa gatanu w’indwi iheze ariko arataha, bamutemaguza imipanga, bongera bamukubita amahiri bari bitwaje.

Ubwo bugizi bwa nabi bwabereye muri karitiye ya Kibenga, zone Kinindo, igisagara ca Bujumbura.

Kuva ku munsi wa gatandatu uheze, imbere ya sasita, niho Bruno Simbavimbere yashikanwa mu bitaro vyitiriwe umwami Khaled (Hôpital Roi Khaled), akaba ari naho yitabiye Imana mu gatondo ko kuri uwu wa gatanu.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS