Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Bubanza : Abantu batatu bagirizwa ko ari abasuma bafashwe n’igiporisi

Abantu batatu bagirizwa ko ari abasuma bafashwe n’igiporisi muri komine Musigati intara ya Bubanza. Abo bantu bagirizwa ko bariko bagerageza kwiba ipikipiki bakoresheje imipanga. Nyene iyo pikipiki yarakomeretse, akaba ariko avurirwa ku bitaro vy’intara ya Bubanza.

Mu giporisi mu ntara ya Bubanza bavuga ko abo bafashwe bariko barondera kwica bakoresheje umupanga uwariko yiyunguruza kw’ipikipiki kugira bayimwibe, ariko abanyagihugu bakaba baranyarutse gutabara uwo yari atewe, abo bagiriza ubusuma barafatwa bashikirizwa igiporisi.

Mu giporisi bamenyesha ko amatohoza abandanya kugira bamenye abandi boba bakorana n’uwo murwi w’abasuma bitwaza ibirwanisho.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS