Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Bubanza : Abashingamateka hamwe n’abafasha mw’iterambere bahuriye mu nama

Abashingamateka batowe mu ntara ya Bubanza bakoraniye kuva mu gatondo ko kuri uwu wa gatanu muri iyo ntara ya Bubanza, mu nama ibahuza n’abasanzwe bafasha mu bisata bitandukanye vy’iterambere ry’iyo ntara.

Alexis Badian NDAYIHIMBAZE, umuvugizi w’inama nshingamateka y’Uburundi amenyesha ko abo bashingamateka hamwe n’abafasha mw’iterambere bakoranye kugira bamenye ibirangurwa n’amashirahamwe yigenga arangurira imirimo muri iyo ntara, bamenye ibimaze gukorwa, ibiriko birarangurwa, hamwe n’ibitegekanywa kurangurwa.

Muri iyo nama bararabira hamwe kandi n’intambamyi abashingamateka hamwe n’abo bafasha mw’iterambere ry’intara ya Bubanza bagira, hamwe n’ico bosabwa gufasha nk’abatowe.

Iyo nama irongowe n’umushingamateka Pascal NYABENDA, umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi, akaba ari n’imvukira y’iyo ntara ya Bubanza.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS