Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Bujumbura : Abantu batatu bishwe mw’ijoro rimwe mu mihingo itandukanye

Ibiziga vy’abantu babiri vyatowe mu mihingo itandukanye y’igisagara ca Bujumbura, mu gatondo ko kuri uwu w’Imana, mu giporisi c’Uburundi bakamenyesha ko amatohoza yatanguye. Muri karitiye ya Carama naho, mu gisagara ca Bujumbura nyene, hatowe umutwe w’umuntu ataramenyekana, umutumba wiwe, ukaba utaratorwa.

Ikiziga ca mbere catowe ni ic’umugabo w’imyaka 35 yahora akorera ishirahamwe mpuzamakungu OIM (Organisation International des Migrations). Mu giporisi c’Uburundi bamenyesha ko uwo yatowe ikiziga azwi kw’izina rya Sworo Patrick Samuel. Ikiziga ciwe catowe muri karitiye ya Kinanira ya gatatu. Petero NKURIKIYE avugira ubushikiranganji bw’umutekano ashikiriza ko ico kiziga caciye gitwarwa mu buruhukiro bw’ibitaro “KIRA”, amatohoza nayo atangura gukorwa.

Ikiziga ca kabiri ni ic’umwigeme w’imyaka 24 azwi kw’izina rya NTIRAMPEBA Audrine yiciwe mu nzu yahora abamwo iri muri zone ya Buterere, igisagara ca Bujumbura, kw’ibarabara rya mbere nomero 19. Mu giporisi c’Uburundi bemeza ko basanze uwo yishwe afise ibikomere mw’izosi no ku maboko, bakikeka ko yoba yishwe n’umusore BAKANIBONA Pacifique bari bararanye. Uwo musore yafashwe n’igiporisi ku mvo z’amatohoza.

Umuntu agira gatatu yishwe muri iryo joro nyene ryo ku munsi wa gatandatu ntaramenyekana, umutwe wiwe wonyene akaba ariwo watowe mu gatondo ko kuri uwu w’Imana muri karitiye ya Carama, zone Kinama, igisagara ca Bujumbura. Imbere y’uwo mutwe w’umuntu yishwe akerewe, hari ibirato vy’igiporisi. Mu giporisi bavuga ko n’aho nyene amatohoza yatanguye.

 

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS