Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Bujumbura : Abantu isinzi bazindukiye kugura amatike y’ukwinjira mu rukino rwa Burundi na Gabon

Igisagara ca Bujumbura cazindutse kuri uwu wa gatandatu cahinduye isanamu, uruja n’uruza rw’abantu barondera aho bagurira amatike y’ukwinjira mu rukino rudasanzwe ruhuza mu masaha make cane umurwi nserukiragihugu w’Uburundi n’umurwi nserukiragihugu wa Gabon. Abandi bariko bisigisha irangi y’amabara y’ibendera ry’Uburundi.

Mu butumwa yacishije mu gatondo ko kuri uwu wa gatandatu ku muhora wiwe wa Twitter, umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza yipfurije intsinzi Uburundi. Muri ubwo butumwa, yagize ati :

“Umurwi Nserukiragihugu Intamba mu Rugamba ugeze ku ntambwe ishimishije. Tuwipfurije gutera iyindi ntambwe mu rukino rw’uyu musi, kandi dusavye Abarundi bose kuwufata mu mugongo. Tubipfurije intsinzi; Imana ibaje imbere.”

Muri urwo rukino, Uburundi busabwa gutsinda canke kunganya na Gabon, kugira bwitabe ku ncuro ya mbere ihigana ry’igikombe ca Afrika (Coupe d’Afrique des Nations).

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS