Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Bujumbura : Abaporisi ku ngoro nkuru y’umugambwe CNL

Abaporisi baribonekeza ku bwinshi kuva kuri uwu wa gatatu ku ngoro nkuru y’umugambwe CNL (Congrès National pour la Liberté) wa Rwasa Agathon, mu gisagara ca Bujumbura. Mu bushikiranganji bw’umutekano baremeza ayo makuru, bakamenyesha ko iyo ngingo yafashwe ku mvo z’umutekano.

Abo baporisi batanguye kuboneka muri ico kibanza, inyuma y’iminsi mike ingoro nkuru y’umugambwe CNL yuguruwe ku mugaragaro. Petero Nkurikiye, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano amenyesha ko abo baporisi atari bashasha muri ico kibanza, kandi ko atawe bikwiye gutera ikibazo :

“Kirya kibanza gisanzwe gikunze kuba kirimwo abajejwe umutekano benshi, bivanye n’ibikorwa bihakorerwa hamwe n’abantu bahakorera. Rero ko bahaza, ni mu ntumbero y’ugukinga ico cose coshobora guhungabanya umutekano, nta nabi yabo.”

Umugambwe CNL (Congrès National pour la Liberté) wemerewe gukorera ku mugaragaro kw’igenekerezo rya 14 Ruhuhuma 2019, kw’itegeko nshikiranganji nomero 530/237.

 

 

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS