Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Bujumbura : Amazu ataramenyekana igitigiri yabomowe n’imvura

Imvura nyinshi ivanze n’umuyaga yaguye ku muhingamo wo kuri uwu wa gatatu mu gisagara ca Bujumbura yabomoye amazu ataramenyekana igitigiri mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura, muma zone ya Cibitoke, Kinama, hamwe na karitiye ya Mutakura zose ziri muri komine Ntahangwa.

Abo twashoboye kuganira bo muri ayo mazone yasinzikaye kuruta ayandi bavuga ko inzu zimwe zabomotse, izindi ziguruka amabati, hakaba hari n’ibiti bitwara umuyagankuba vyakorotse kubera umuyaga mwinshi wari muri iyo mvura yatanguye nk’igihe c’isaha umunani, ivyatumye hari ibice bimwe bimwe bidafise umuyagankuba, gushika ku mugoroba wo kuri uwu wa kane.

Abo banyagihugu basaba ko abo mw’ishirahamwe REGIDESO bokwihutira gukora ayo matara kugira ntibarare mu kizima. Aho ni mu gihe mu mihingo itandukanye y’uburaruko bw’igisagara ca Bujumbura nka Cibitoke na Mutakura hasanzwe hibonekeza abasuma bikinga umwijima amatara yacitse, bakiba abo banyagihugu.

Iyo mvura yateye n’umwuzurira kandi hagati mu gisagara ca Bujumbura, aho uruja n’uruza rwahungabanye.

Ivyononwe n’iyo mvura mu mihingo itandukanye turabigarukako mu makuru yacu yo hanyuma.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS