Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Bujumbura : Imyimenyerezo y’Intamba mu rugamba yatanguye

Umurwi nserukiragihugu w’Uburundi Intamba mu rugamba watanguye ku muhingamo wo kuri uwu wa gatatu imyimenyerezo y’ukwitegurira inkino za kivandimwe hamwe n’inkino z’igikombe ca Afrika zizobera mu gihugu ca Misiri mu kwezi kuza. Iyo myimenyerezo yabereye ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore.

Bamwe mu bakinyi bamaze gushika i Bujumbura bari bitavye iyo myimenyerezo, aho tukaba twobabwira nka Amissi Cédric akina mu Barabu, Nduwarugira Christophe batazira Lucio akina muri Portugal, Rashid Léon akina mu Rwanda, Amissi Muhamed akina muri Hollande, Delanys Valentin akina mu Bufaransa, Nahimana Shassir mu Barabu, Ngando Omar akina mu Rwanda, Nyange youssuf akina muri Aigle Noir hamwe na Bembo Leta Joel akina mu Bwongereza.

N’abandi bakinyi babandanya gushika, ku mugoroba wo kuri uwu wa gatatu hakaba hashitse Frederic Nsabiyumva yaje ava mu gihugu ca Afrika y’epfo.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS