Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Bujumbura : Imyiyerekano y’ukwiyamiriza RFI na TV5 Monde

Amashirahamwe avuga ko adaharanira inyungu za poritike mu Burundi yatunganije kuri uwu wa gatandatu mu gihugu cose c’Uburundi imyiyerekano y’ukwiyamiriza bimwe mu binyamakuru mpuzamakungu vyo mu Bufaransa, nk’iradiyo y’Abafaransa RFI hamwe n’imboneshakure TV5 Monde. Ayo mashirahamwe yagiriza ivyo bimenyeshamakuru ko bishikiriza inkuru zicapfuza igihugu c’Uburundi kandi zityoza inzego zatowe.

Mu gisagara ca Bujumbura, iyo myiyerekano yatanguriye aho bita kuri Gare du Nord muri zone ya Kamenge, kubandanya ibarabara ryitiriwe uwa 28 Munyonyo (Boulevard du 28 Novembre), gushika ku buserukizi bw’igihugu c’Ubufaransa mu Burundi.

Abari muri iyo myiyerekano bari bafise inzandiko zisaba Reta y’Uburundi ko yohagarika kwumvikana mu Burundi insamirizi RFI. Hamza Venant Burikukiye arongoye ishirahamwe CAPES + akaba n’umwe mu bari bahagarariye iyo myiyerekano yamenyesheje mw’ijambo yashikirije abari bitavye iyo myierekano ko kuba insamirizi RFI yaravugishije Maragarita Barankitse umwe mu bagirizwa gushika gutembagaza ubutegetsi mu Burundi, ari ivyo kwiyamiriza :

“Ni urugendo rw’ukwiyamiriza inyifato igayitse y’ibinyamukuru bimwe bimwe vyo hanze, cane cane ivyo mu Bufaransa vyihaye intumbero y’ugutyoza Uburundi. Twebwe abanywanyi b’amashirahamwe ataho yegamiye muvya poritike mu Burundi, dutunganije uru rugendo rw’amahoro mu ntumbero y’ukwiyamiriza n’ugutera ivyatsi inyifato igayitse y’ibinyamakuru bimwe bimwe vyo hanze na cane cane ivyo mu Bufaransa vyama biriko birakorana n’abansi b’Uburundi mu ngendo bafashe y’ugusambura igihugu cabibarutse Uburundi babicishije mu mvugo z’ibinyoma n’amarementanya vy’ugutyoza inzego z’igihugu zitorewe n’abenegihugu isinzi.”

Abari muri iyo myiyerekano baciye imbere y’ubuserukizi bw’Ubufaransa mu Burundi, Laurent Delahouse aserukira ico gihugu mu Burundi akaba yavuganye nabo akanya gato, abasaba kugira ico ashikirije ariko ntibamwemerera.

 

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS