Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Bujumbura : Inkoho zibiri zafatiwe ku rugo rw’umunyamerika aba mu Burundi

Inkoho zibiri zikoreshwa mu ruhigi (Fusils de chasse) zafatiwe ku rugo rw’umunyamerika aba mu Burundi azwi kw’izina rya Jonson Kenneth, mw’isakwa ryakozwe n’igiporisi c’Uburundi mu gatondo ko kuri uwu w’Imana muma karitiye ya Gihosha, Muyaga na Gisandema ari mu gisagara ca Bujumbura.

Muri iryo sakwa, nk’uko bishikirizwa na Petero Nkurikiye avugira ubushikiranganji bw’umutekano, harafashwe n’abantu 20 batagira ikaye z’ingo (Cahiers de ménages), indwi batagira amakarata karangamuntu, hamwe n’abakomngomani batatu badafise uburenganzira bw’ukuba mu Burundi (Visa d’établissement). Mu giporisi c’Uburundi bavuga ko abo bakongomani bagiye gusubizwa iwabo.

Petero Nkurikiye amenyesha kandi ko mu gatondo ko kuri uwu wa mbere, izindi nkoho zibiri zo mu bwoko bwa Pliante (Deux fusils AK47 pliantes), imwe ifise ibiyiranga vy’igiporisi c’Uburundi, zafatiwe muri zone ya Gihosha, mu gisagara ca Bujumbura nyene. Izo nkoho zafatanwe n’ibikono bitandatu (six chargeurs), igikono kimwe cose kikaba carimwo amasasu 29. N’amasasu 19  y’inkoho yo mu bwoko bwa Mi AK47 nayo nyene yafashwe n’igiporisi.

Mu giporisi c’Uburundi bamenyesha ko amatohoza yatanguye.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS