Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Bujumbura : Ishirahamwe ATRABU ryafashe ingingo yorohereza abiyunguruza ku mugoroba

Imiduga yunguruza abantu baduga mu ntara zo mu gihugu hagati igiye kuza irafasha mu ku mugoroba mu kwunguruza abantu bava mu gisagara ca Bujumbura. Bosco MINANI arongoye ishirahamwe ATRABU (Association des Transporteurs du Burundi) amenyesha ko iyo ngingo ifashwe mu ntumbero y’ukugabanya imirongo miremire yibonekeza ku gituro co mu gisagara hagati, mu myanya yo ku mugoroba no mw’ijoro.

Bosco MINANI arongoye ishirahamwe ATRABU asigura ko ahanini ubwinshi bw’abarondera imiduga (Bus) ibatahana buterwa n’uko abakozi benshi batahira amasaha amwe, imiduga nayo ibunguruza ntiheze ngo ibakwire mu mwanya umwe. N’iyiba yunguruje aba mbere irateba kugaruka gutora abandi, nk’uko bishikirizwa na Bosco MINANI, kubera imirongo miremire y’abakozi baba bariko barataha (embouteillage), hamwe n’amabarabara amwe amwe aba atari meza.

Uwo arongoye ATRABU ashikiriza ko iyo ngingo itangura kuja mu ngiro kuva kuri uwu wa gatatu nyene, kandi ko mu gihe izoba yaje gusahiriza ku mugoroba no mw’ijoro, iyo miduga yunguruza abantu isanzwe ikorera mu gihugu hagati (Transport rémunéré des personnes à l’intérieur du pays) izorihisha amafaranga nk’ayo iyindi miduga ikorera mu gisagara hagati irihisha.

Mwomenya kandi ko imiduga 47 yo mu bwoko bwa Probox hamwe n’amakinga 48 yari yafatiwe mu karere k’uburengero yarekuwe n’igiporisi kuri uwu wa gatatu, inyuma y’inama yahuje igiporisi hamwe n’abaserukira ishirahamwe ry’abunguruza abantu ATRABU.

Iyo miduga n’amakinga yari yafashwe mu mukwabu wabaye ku magenekerezo ya 15 na 16 Ruhuhuma 2019. Mu giporisi c’Uburundi bagiriza abunguruza iyo miduga ko bamwe bari barengeje abantu n’ibintu barekuriwe n’amategeko, abandi barenza umuvuduko mw’ibarabara.

Amakinga nayo akaba yafashwe kubera abayunguruza bariko bakora ivyo bita “Dunyuri”, ni ukuvuga kwiyunguruza bifadikije ibiduga binini binini, ibikunze guteza amasanganya yo mw’ibarabara nk’uko bivugwa n’igiporisi.

Iyo miduga n’amakinga yarekuwe inyuma y’ukuriha ihadabu.

 

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS