Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Bujumbura : Sentare irasasa ku ncuro ya mbere mu rubanza rwa Interbank Burundi

Sentare nkuru ya Mukaza irasasa ku ncuro ya mbere kuri uwu wa kabiri mu rubanza ruhuza Reta y’Uburundi na Banki INTERBANK Burundi. Amakuru atangwa n’umuvugizi wa Sentare ntahinyuzwa Agnes Bangiricenge amenyesha ko urwo rubanza rw’ikibiriraho rubera muri Sentare nkuru ya Mukaza mu gisagara ca Bujumbura, Mukaza, ku muhingamo wo kuri uwu wa kabiri.

Reta y’Uburundi yitwariye Banki INTERBANK Burundi inyuma y’aho hafatiwe amafaranga y’amadorare y’abanyamerika agera ku muriyoni n’igice (1,5millions de dollars) yari avuye muri Interbank.

Amatohoza yakozwe n’igiporisi c’Uburundi avuga ko abagabo babiri bafise ubwenegihugu bwa Congo bafatanwe ayo mafaranga bemeza ko bayahawe na Interbank Burundi, bakaba bari bayatwaye muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo.

Mu giporisi c’Uburundi bakavuga ko ivy’ayo mafaranga birimwo amakenga, kuko kw’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano, bitumvikana ingene amahera y’agaciro angana ukwo atangwa na Banki, agatwarwa n’abantu batari kumwe n’abaporisi.

Mu giporisi c’Uburundi bakikeka ko ayo mafaranga y’agaciro yari atwawe muri Congo kugira biboneke ko atayahari mu Burundi, canke ko ashobora kuba yari ashiriwe inkozi z’ikibi muri Congo kugira zize kwonona umutekano w’Uburundi.

Vidéo ivuga ingene ayo mafaranga yafashwe

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS