Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Bujumbura : Ubushikiranganji bw’urwaruka na ARCT batunganije ihanisha-gurisha

Ubushikiranganji bw’urwaruka, ugutumatumanako amakuru hamwe n’ubuhinga ngurukanabumenyi buri kumwe n’ikigo ARCT bwaruguruye kuva kuri uwu wa kabiri ihayanisha-gurisha ry’ibirangurirwa mu gisata c’ugutumatumanako amakuru ririko ribera mu kigo ndangakaranga (Palais des arts) i Bujumbura.

Mu bushikiranganji bw’urwaruka barashima ko abariko barakora iryo hayanisha-gurisha benshi ni urwaruka, kuko aribo bamenyereye ubuhinga bwa none, bakabukoresha vyoroshe, mbere bagafasha n’abakuze kwinjira muri ubwo buhinga.

Umushikiranganji Evelyne Butoyi amenyesha ko urwaruka rw’Uburundi rungana n’ibice 66 kw’ijana, akemeza ko ata terambere rishoboka mu Burundi ridashingiye ku rwaruka, akaba yasavye urundi rwaruka, hamwe n’abandi bakozi, gukoresha ubuhinga ngurukanabumenyi mw’iterambere ry’igihugu c’Uburundi.

Umushikiranganji w’urwaruka Evelyne Butoyi yarashikirije kandi ibiri birarangurirwa muri iryo hayanisha-gurisha :

“Hariho ibikoresho bijanye na Internet, hariho ibikoresho bijanye n’ukworohereza abakiriya mu kubaha amaterefone mu gukoresha imashini nyabwonko zabo, ibikoresho bishobora kudufasha gusharija ama terefone, ubuhinga bujanye n’ingene twobika ama données yacu, n’ugukoresha ama données neza, kuyahanahana, umuntu wese ari ngaha mu gihugu c’Uburundi, ndetse n’abari hanze twobahamagarira kuza kuraba rino hayanisha-gurisha, kuko umuntu ahashitse arabona inyishu z’ibibazo aba afise mu bijanye n’ubuhinga bwa none, mu bijanye na Internet, mu bijanye n’ugushikira amakuru ari aha canke hariya.”

Iryo hayanisha-gurisha ryatanguye kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 14 Rusama rizosozerwa kuri uwu wa gatanu igenekerezo rya 17 Rusama 2019, rikaba ribaye mu kwifadikanya n’amakungu mw’ihimbazwa ry’umunsi mpuzamakungu wahariwe gutumatumanako uba kw’itegekerezo rya 17 Rusama uko umwaka utashe.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS