Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Bujumbura : Umuriro wahitanye imiduga ibiri (Actros) mu nyubakwa za Savonor

Umuriro waribonekeje ku mugoroba wo kuri uwu wa gatandatu mu nyubakwa z’ihinguriro Savonor, nk’igihe c’isaha cumi na zibiri n’iminota mirongo itatu. Uwo muriro wahitanye imodoka zibiri z’iryo hinguriro, zo mu bwoko bwa Actros.

Nk’uko amakuru atangwa n’igiporisi c’Uburundi abivuga, uwo muriro wavuye kuri imwe muri iyo miduga ibiri yahiye, yompi ikaba yaratokombeye.

Iyo miduga yahiye yari ije iva mu gihugu ca Tanzaniya, ikaba yari irimwo amavuta y’ama “Coton”, amabido 2660 (2660 bidons).

Petero Nkurikiye avugira ubushikiranganji bw’umutekano amenyesha ko banyarukiye kuzimya, ariko bakaba basanze iyo miduga n’ayo mazuta, vyose vyahiye.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS