Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Bujumbura : Umwe wo mu murwi w’abagirizwa ubusuma yarashwe n’abaporisi

Umuntu amwe yagirizwa ko ari umusuma yapfuye ahitanwe n’amasasu y’abaporisi mw’ijoro ryo kuri uwu wa mbere nk’igihe c’isaha zine z’ijoro mu gisagara ca Bujumbura, hafi y’ishure ryisumbuye “Lycée Notre Dame de Rohero”.

Mu giporisi c’Uburundi bavuga ko mu gihe abajejwe umutekano bariko barakizura (Patrouille) mw’ijoro ryo kuri uwu wa mbere, bahuye n’umurwi w’abagizi ba nabi basanzwe bagirizwa ko aribo bategera abantu mw’ijoro kugira babibe (les catcheurs). Petero Nkurikiye avugira ubushikiranganji bw’umutekano amenyesha ko uwo murwi nyene ariwo yahatswe kugandagura umuporisi mw’ijoro ryo ku munsi wa gatandatu, aho wahura n’abajejwe umutekano bariko barakizura nyene. Muri iryo joro, Petero Nkurikiye avuga ko abo bagizi ba nabi bacumise imbugita ku kuboko umuporisi.

Mw’ijoro ryo kuri uwu wa kabiri, abaporisi bahuye n’abo bagizi na nabi, umwe muribo ataramenyeka yarapfuye arashwe n’abo bajejwe umutekano.

Abaporisi baratoye muri ico kibanza ikarata karangamuntu y’umwe muri uwo murwi wagirizwa ubusuma, ikaba ari iy’uwitwa Manirakiza Samuel avuka mu ntara ya Mwaro.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS