Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Bujumbura : Umwigisha yagirizwa gusambanya ku nguvu umunyeshure yaciriwe urubanza

Sentare nkuru y’igihugu y’intara ya Bujumbura yahanishije umunyororo w’imyaka 17 umwigisha Vianney Nduwayo  yagiriwe n’icaha c’ugusambanya ku nguvu umunyeshure wiwe.

Mu ntahe y’ikibiriraho yabaye kuri uwu wa kabiri, Vianney Nduwayo yagirijwe ivyaha bibiri arivyo ugufata ku nguvu umunyeshure yigisha hamwe n’ugushaka gutoroka agasho yari apfungiwemwo.

Sentare nkuru y’igihugu y’intara ya Bujumbura yamenyesheje ko ico caha c’ugushurashuza ku nguvu umunyeshure w’umwigeme wo kw’ishure ryisumbuye ryo mu Buhonga Vianney Nduwayo yagikoze kuwa 24 Ndamukiza 2019.

Abacamanza bamuhanishije imyaka 15 ku caha c’ugushurashuza ku nguvu umunyeshure w’umwigeme hamwe n’imyaka ibiri ku caha c’ukugomba gutoroka agasho yari apfungiwemwo imbere y’uko ashikirizwa ubutungane.

Mu buyobozi bw’indero mu ntara ya Bujumbura barashimira ubutungane, kuko muri iyo ntara haheze iminsi havugwa igitigiri ciyongereye c’abanyeshure batwaye inda z’indaro

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS