Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Burundi : Abaronderwa n’ubutungane bafatiwe amatunga bahawe ikiringo c’ukwunguruza

Inyuma y’ingingo ubutungane bw’Uburundi buheruka gushikiriza y’ugufata amatunga y’abantu bagirizwa kugerageza gutembagaza ubutegetsi bw’Uburundi, umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika asigura ko iyo ngingo yafashwe kugira amatunga y’abo bagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi ntagume abandanya akoreshwa mu guhungabanya umutekano w’igihugu, aho umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika akavuga ko umugambi w’ugushaka gutembagaza ubutegetsi ukibandanya.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa gatanu igenekerezo rya 31 Rusama 2019, Sylvestre Nyandwi umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika yamenyesheje ko iyo ngingo yafashwe kandi kugira igihe co gushumbusha abononewe ivyabo, abakurikiranwa muri iyo dosiye nibakubitwa intahe mu gahanga bazoronke indishi, aho kandi ubushikirizamanza bukemeza ko bumaze kumenya amayeri yo kunyegeza amatunga ariko arakorwa n’abakurikiranwa muri iyo dosiye bafashijwe n’abantu bamwe bamwe.

Sylvestre Nyandwi avuga kandi ko iyo ngingo yafashwe mu ntumbero yo gukingira amatunga ya bamwe bamwe bahunze basize, ameze nk’ayahebwe kandi ashobora kuba arafasha mw’iterambere ry’igihugu.

Ku bagereranya iyo ngingo yafashwe hamwe n’ingingo nk’izo zafashwe mu mwaka w’1972 inyuma y’ubwicanyi bwabaye muri uwo mwaka, umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika amenyesha ko izo ngingo ataho zisa zisaniye n’izafashwe mu 1972 kuko muri uwo mwaka, abafashe izo ngingo bafatiye ku rubanza rutigeze ruburanishwa.

Umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika ashikiriza ko ayo matunga abaye arashirwa mu minwe ya Reta, ko ata muntu ku giti ciwe yahawe ayo matunga, kandi ko inyuma y’urubanza, uwuzoba yambitswe izera azosubizwa ivyiwe.

Abegwa n’iyo ngingo bahawe iminsi cumi n’itanu, kugira abashaka bunguruze kuri iyo ngingo bafatiwe. Ico kiringo c’iminsi 15 bakaba bagiharura kuva kuri uwu wa gatanu igenekerezo rya 31 Rusama 2019.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS