Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Burundi : Amafaranga arenga gato imiriyaridi 81 z’amarundi niyo amaze gutangwa mu ntererano y’amatora

Ubushikiranganji bujejwe ikigega ca Reta bumenyesha ko igitigiri c’amafaranga yose azokenerwa mu matora y’2020 kizoshirwa ahabona mu ntango z’indwi izotangura kuri uwu wa mbere. Christian Kwizera umuvugizi w’ubwo bushikiranganji amenyesha ariko ko gushika mu ntango z’ukwezi kwa gatandatu, imiriyaridi zirenga gato 81 z’amafaranga y’amarundi arizo zari zimaze kwegeranwa na Banki nkuru y’igihugu.

Amafaranga amaze gutangwa nk’intererano y’amatora azoshirwa ahabona mu gihe mu murwi CENI bavuga ko ubwabo bataramenya igitigiri c’amafaranga bazokenera mu matora yo mu 2020.

Mu ruganda rwatunganirijwe kuri uwu wa gatanu abajejwe intwaro mu ntara za Bujumbura, n’igisagara ca Bujumbura, Petero Karaveri Kazihise yamenyesheje ko bakiri mu gikorwa c’uguharura amafaranga bazokenera muri ayo matora :

“Nk’ubu ntiduca tumenya amafaranga akenewe. Tubanza kuyarondera, kubaza ayahari hanyuma tukazoyamenya neza tumaze guheza kino gikorwa turimwo. Kandi tumaze kumenya neza n’abazotora ingene bangana neza, kubera y’uko tugomba kuzoshira abo bantu mu bibanza batoreramwo turavye ibitigiri ntarengwa. Aha ibitigiri tuzofata kugira abantu batore neza bica bituma tumenya abantu bagenda mu biro vy’itora no muma centres y’amatora. Ubu turacatangura kino gikorwa c’ukugira tumenye aho bose bazotorera.”

Muri iyo ndwi nyene buca dutangura, niho no mu murwi w’igihugu CENI ujejwe gutegura amatora bavuga ko bazoshira ahabona ikirangaminsi c’amatora yo mu mwaka w’2020. Petero Karaveri Kazihise arongoye umurwi CENI amenyesha ko ico kirangaminsi kizoshirizwa ku munsi wa gatanu w’indwi buca dutangura.

 

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS