Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Burundi : Amakomine atanu hamwe n’intara zitatu zashimiwe

Amakomine atanu hamwe n’intara zitatu niyo yashimiwe n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza mu birori vy’uguhimbaza umunsi mukuru w’abakozi n’akazi wahimbarijwe kuri uwu wa gatatu ku rwego rw’igihugu mu ntara ya Rumonge.

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yamenyesheje ko izo ntara hamwe n’amakomine zishimiwe ko arizo zarushije izindi mu kwitunganiriza imigambi y’iterambere.

Mu makomine atanu yashimiwe, abiri ni ayo mu ntara ya Cibitoke, ayo nayo ni Rugombo yo mu ntara ya Cibitoke, Mwumba yo mu ntara ya Ngozi, Nyanza Lac yo mu ntara ya Makamba, Buhiga yo mu ntara ya Karusi, hamwe na Mabayi yo mu ntara ya Cibitoke.

Intara zitatu nazo zashimiwe ko zatunganije imigambi y’iterambere ni intara ya Makamba, Ngozi, hamwe n’intara ya Cibitoke.

Komine imwe yose hamwe n’intara zashimiwe, imwe yose yahawe agashimwe k’amafaranga y’amarundi agera ku muriyoni hamwe n’urupapuro rw’iteka.

Ayo makomine ashimiwe inyuma y’aho y’aho Reta y’Uburundi ifatiye ingingo y’ukuduza amafaranga yahora ahabwa amakomine akava ku miriyoni amajana atanu akaja mu miriyoni 570. Mw’ijambo yashikirije Abarundi abipfuriza umunsi mukuru w’abakozi n’akazi, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yamenyesheje ati :

“Tuzoshishikara gusahiriza amakomine mu migambi izamura ubutunzi bwayo mu kwongereza amahera agenewe amakomine, ave ku miriyoni 500 aje ku miriyoni 570 ku mwaka. Yamara rero, turibukije ko ayo mahera turonsa amakomine adasubirira ibikorwa rusangi. Turakeje kandi turakengurukiye Amakomine atadebukiwe, nabere akarorero ayandi makomine.”

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS