Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Burundi – Gabon : Umumenyereza w’Intamba mu rugamba avuga ko abakinyi biteguye neza (Amafoto)

Mu gihe hasigaye amasaha make kugira umurwi nserukiragihugu w’Uburundi Intamba mu rugamba utane mu mitwe n’umurwi nserukiragihugu wa Gabon, umumenyereza w’Uburundi amenyesha abakinyi bose batumweko bashitse, kandi ko imyimenyerezo ibandanya. Olivier Niyungeko avuga ko Uburundi buzokina burondera intsinzi kuri urwo rukino rudasanzwe rurindiranwe igishika.

Umumenyereza Olivier Niyungeko batazira Mutombola yemeza kandi ko n’amagara y’abo bakinyi bose ameze neza, agashima ko urwo rukino rw’ugusubiriza ruzobera i Bujumbura, ivyo navyo bikongereza amahirwe Intamba mu rugamba zizoba ziriko zikinira ku kibuga cazo, n’imbere y’abarorerezi isinzi.

“Ingabo zanje zirakwiye, abakinyi bose batumweko barashitse, kandi bameze neza, nk’uko mubizi bose bakaba bava hanze. Nta bwoba, ndi kumwe n’abakinyi, ndabona ko baremye.”

Urukino ruhuza Uburundi na Gabon ruzoba kuri uwu wa gatandatu isaha icenda z’umuhingamo, ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore.Mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi bamenyesha ko abantu bagera ku bihumbi cumi aribo bazoshobora gukurikirana urwo rukino, ikibuga naco kikazoba cugururiwe gutangura kwakira abantu isaha zine z’agatondo. Amatike y’ukwinjira kuraba urwo rukino nayo azotangura kudandazwa mu gatondo ko kuri uwu wa gatandatu.

 

 

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS