Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Burundi : Umuhindi yibwe ibihumbi 20 vy’amadorare n’umuriyoni w’amarundi

Amafaranga agera ku bihumbi mirongo ibiri vy’amadorare y’abanyamerika hamwe n’umuriyoni umwe w’amarundi niyo yibwe muri karitiye Asiatique mu gisagara ca Bujumbura ku rugo rw’umuhindi (indien) akorera ishirahamwe Millenium Info Sys. Mu giporisi c’Uburundi bamenyesha ko ayo mafaranga yibwe n’abakozi babiri b’uwo muhindi, bakaba bafashwe nk’uko vyemezwa na Petero Nkurikiye avugira ubushikiranganji bw’umutekano.

Mu giporisi c’Uburundi bamenyesha ko igice c’ayo mafaranga camaze kuboneka,

“Ku munsi wa gatandatu uheze igenekerezo rya 6 Ndamukiza 2019, ngaha mu gisagara ca Bujumbura muri zone Rohero karitiye Asiatique, harabaye ubusuma bw’amafaranga atari make yibwe mw’ishirahamwe “Millenium Infos Sys” ikoramwo ahanini abahindi. Abakozi babiri b’abo bahindi, umwe akorera mu mirima uwundi akorera mu giponi.”

Petero Nkurikiye umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi amenyesha ko uwo muhindi yibwe yagira aje kubika ayo mafaranga muri banki, ariko yumvise ameze nk’uwurwaye abanza kuja kwa muganga. Agarutse niho yasanga ayo mafaranga yibwe, nawe aca atabaza igiporisi.

Uwo avugira igiporisi c’Uburundi ashikiriza ko abo bakozi babiri bafashwe, hamwe n’abandi bantu babiri babafashije kwiba ayo mafaranga.

 

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS