Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Bururi : Umugore yirukanwe ahorwa ubwoko bwiwe

Umugore hamwe n’abana biwe bane bari bamaze iminsi itandatu barara kuri komine Mugamba intara ya Bururi basubiriye mu muryango babifashijwemwo n’umushikiranganji w’ubutungane Aimé Laurentine Kanyana. Uwo mugore n’abana biwe bane yari yirukanwe n’umugabo wiwe amuhora ko badasangiye ubwoko.

SINDAYIGAYA Immaculée ni umugore wa HAFASHIMANA Jean Claude, bompi bakaba bagize umuryango w’abana bane wo muri komine Mugamba, intara ya Bururi. Immaculée SINDAYIGAYA avuga ko yari abanye neza n’umugabo wiwe, imbere y’uko inabukwe hamwe n’abavukana n’umugabo wiwe batangura kubateranya, uwo mugabo bakamwankisha umugore wiwe bamuhora ko badasangiye ubwoko : “Uwo mugabo nagiye mbona anyirukana, yugara inzu twabanamwo. Yambwiye ngo sinkeneye ko banca mu muryango kubera wewe. Ngo ndi umuhutukazi sinkabajemwo, ndi ubwoko bubi.”

Uwo mugore yaciye aja gusaba uburaro kuri komine Mugamba, agasaba ko yotunganirizwa, kuko abana biwe bariko bicwa n’inzara. Immaculée Sindayigaya yemeza ko umugabo wiwe atamwanka, ahubwo ko aremerwa na nyina wiwe : “Nta mutekano mfise kubona turiko turaturatura n’abana kandi ari abiwe. Ubutungane nibunyugururire iyo nzu. Aba bana barara mw’ikomine bashobora kurwara. Jewe nsaba ko bonsubiza mu rugo nkarera abana.”

Inyuma y’iminsi itandatu arara aho kuri komine, umushikiranganji w’ubutungane bw’Uburundi Aimée Laurentine Kanyana yaramenye ico kibazo, akaba yaciye yishikira kuri uwu wa gatandatu muri komine Mugamba intara ya Bururi, muri uwo muryango.

Umushikiranganji Kanyana yarumvirije uwo mugore, umugabo wiwe, inabukwe w’uwo mugore, hamwe n’abajejwe intwaro. Zimwe mu ngingo zafashwe aho nyene akaba ari uko iyo nzu yugururwa, uwo mugore n’abana bagasubira mu rugo.

 

 

 

 

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS