Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Buterere : Abantu 20 bafashwe n’igiporisi

Abantu bagera kuri 20 bari mu minwe y’igiporisi kuva mw’ijoro ryo kuri uwu wa kane, nk’uko vyemezwa n’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano Petero Nkurikiye amenyesha ko abo bantu bafashwe inyuma y’amasasu yarashwe n’umuporisi aba muri zone Buterere mu gisagara ca Bujumbura.

Petero Nkurikiye avugira ubushikiranganji bw’umutekano ashikiriza ko uwo muporisi yarashe amasasu ariko yivuna abantu bariko batera amabuye ku nzu yiwe iri kw’ibarabara rya 20 zone Buterere.

Mu giporisi c’Uburundi bavuga ko abo bantu bafashwe ku mvo z’amatohoza kugira abariko batera amabuye kuri iyo nzu y’umuporisi bamenyekane.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS