Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Buterere : Abantu umunani bakomerekejwe n’igisasu

Abantu umunani bakomerekejwe na n’igisasu (Gerenade) catewe mw’ijoro ryo kuri uwu w’Imana igenekerezo rya 27 Nzero 2019 muri zone ya Buterere, mu gisagara ca Bujumbura.

Amakuru atangwa n’igiporisi c’Uburundi avuga ko iyo Gerenade yatewe nk’igihe c’isaha imwe n’iminota mirongo ine n’itanu z’ijoro, kw’ibarabara ry’icenda, nomero 199, mu bunywero bw’uwitwa NDUWAYO Egide, ikomeretsa abantu umunani bagizwe na nyene ubwo bunywero, umwana wiwe, ababanyi biwe babiri, abana batatu hamwe n’umushitsi umwe yari yagendeye urwo rugo rwatewe.

Mu giporisi c’Uburundi bamenyesha ko uwateye iyo Gerenade atamenyekanye, kuko yikinze umwijima, amatara yacitse. Amatohoza yamaze gutangura, nk’uko vyemezwa n’igiporisi.

 

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS