Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Buterere : Abatanze impusha z’ukwubaka ahatabigenewe bagiye gukurikiranwa mu butungane

Inama nkuru y’igihugu ijejwe umutekano isaba ko imbere y’uko abanyagihugu bubatse mu kibanza c’uguhingura amazi acafuye yo mu gisagara ca Bujumbura birukanya, ko abajejwe intwaro bategerezwa kubanza gutandukanya abari mu mategeko hamwe n’abatubahirije amategeko, abafise impapuro zibaha uburenganzira bw’ukwubaka muri ico kibanza n’abatazifise.

Mu nama yakoranye kuri uwu wa gatandatu irongowe n’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, asanzwe ariwe mukuru w’inama nkuru y’igihugu ijejwe umutekano, abagize iyo nama babwiye abashikiranganji begwa n’ico kibazo c’ikibanza cagenewe guhingura amazi acafuye yo mu gisagara ca Bujumbura kiri muri zone ya Buterere, ko ingingo y’ukubomora amazu hamwe n’ukwirukana abanyagihugu bubatse mu micungararo y’ico kibanza yohagarara, abari mu mategeko bamenyekane.

Mu gihe bamwe muri abo banyagihugu bavuga ko bafise impapuro zibaha uburenganzira bw’ukwubaka muri ico kibanza, inama nkuru y’umutekano imenyesha ko abajejwe intwaro batanze impapuro z’ukwubaka mu kibanza kitari kigenewe kujamwo amazu bazokurikiranwa mu butungane.

Ikibazo c’ugucukura ubutare mu Burundi caragarutse.

Inama nkuru y’igihugu ijejwe umutekano ihamagarira ubushikiranganji bujejwe ubutare n’agataka ko bwosubira kukaraba neza amasezerano ari hagati ya Reta y’Uburundi hamwe n’amashirahamwe acukura ubutare, kugira ubwo bushikiranganji busuzume ko inyungu z’impande zose zubahirijwe.

Général Major Silas NTIGURIRWA umunyamabanga ntayegayezwa w’inama nkuru y’umutekano w’Uburundi avuga ko ubushikiranganji bujejwe ubutare n’agataka bukwiye gushiraho ingingo zorohereza abashaka gukorera mu makoperative akoresha ubuhinga bwa kijambere.

Ku bijanye n’amasezerano y’ukwimba ubutare ari hagati ya Reta y’Uburundi n’amashirahamwe y’abigenga, inama nkuru y’igihugu ijejwe umutekano yarasavye ko ubushikiranganji bw’ubutare n’agataka bwosubira kwihweza neza ayo masezerano, mu nzira yubahiriza inyungu zishimisha impande zose.

Iyo nama yarasavye kandi ubushikiranganji bujejwe ubutare n’agataka ko bwohimiriza amakoperative, bushireho n’amategeko avuga ingene ababishaka binjira mu mashirahamwe akoresha ubuhinga bugezweho.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS