Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

CAN 2019 : Abakinyi b’Intamba mu rugamba bazokwambikwa n’ishirahamwe “Garman” ryo mu Butariyano

Umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi avuga ko Uburundi bwatanguye kwitegurira urubanza rukomeye aho umurwi nserukiragihugu Intamba mu rugamba uzokwitaba ku ncuro ya mbere inkino z’igikombe ca Afrika (CAN 2019) zizobera mu gihugu ca Misiri kuva kw’igenekerezo rya 21 Ruheshi gushika kurya 19 Mukakaro uwu mwaka.

Reveriyano Ndikuriyo, umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi amenyesha ko ishirahamwe FFB arongoye rizokorana n’ishirahamwe “Garman” ryo mu gihugu c’Ubutariyano, akaba ariryo rizokwambika abakinyi b’Intamba hamwe n’abakunzi b’umupira w’amaguru mu Burundi.

“Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi, ryagomba kumenyesha ko muri izo nkino eka mbere n’inkino zigiye gukurikira rizokorana n’ishirahamwe ry’abataliano ryitwa GARMAN mu kwambika umurwi nserukiragihugu hamwe n’abakunzi b’umurwi nserukiragihugu INTAMBA MU RUGAMBA.”

Reveriyano Ndikuriyo avuga ko imyambalo yemewe y’abakunzi b’intamba mu rugamba igera ku bihumbi cumi (10000 maillots), akaba ariyo ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi ritegekanya kugurisha ku bakunzi b’Intamba mu rugamba.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS