Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

CAN U20 2019 : Umumenyereza w’Uburundi yizeye gushika ku ntsinzi

Umurwi nserukiragihugu w’Uburundi, Intamba mu rugamba, w’abatarenza imyaka 20 (U20) uzofata urugendo kuri uwu wa kabiri werekeza mu gihugu ca Niger, aho witavye inkino za Afrika, CAN 2019 zizotangura kw’igenekerezo rya 2 Ruhuhuma 2019.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa mbere, Joslin BIPFUBUSA amenyereza abakinyi b’Uburundi yamenyesheje ko umurwi amenyereza witeguye neza, kandi ko Uburundi bwizeye kuzotahukana intsinzi muri izo nkino za Afrika zizobera mu gisagara ca Niamey.

Joslin BIPFUBUSA yemeza ko abakinyi bose azotwara bameze neza, kandi ko n’abatashoboye kuza kwifadikanya n’abandi mu myiteguro basubirijwe abandi.

“Gushika kuri ino saha novuga ko mu murwi nserukiragihugu dushimira Imana kubona abakinyi bose bameze neza, abo twateguye gutwara bose bameze neza, kiretse aboba bagize ibibazo tukaba twarashoboye kubasubiriza n’abandi.”

Uwo amenyereza Intamba mu rugamba z’abatarenza imyaka 20 avuga ko ihangiro atwaye mu gihugu ca Niger ari uko Uburundi bwoshika kure muri izo nkino, bishobotse mbere butware n’igikombe c’iryo higanwa.

N’aho Joslin BIPFUBUSA aremesha abakunzi b’umupira w’amaguru, ntiyashimye gushira ahabona urutonde rw’abakinyi b’Uburundi bazofata urugendo kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 29 Nzero 2019.

Muri izo nkino zizotangura kuva kw’igenekerezo rya 2 gushika kurya 17 Ruhuhuma 2019, Uburundi buri mw’itsinda (Groupe) rimwe n’ibihugu vya Niger yakiriye iryo higanwa, igihugu ca Nigéria hamwe na Afrika y’epfo.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS