Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

CAN U20 : Uburundi bwanganije na Niger amahirwe aragabanuka

Amahirwe y’Uburundi y’ukubandanya ihiganwa ry’igikombe ca Afrika c’abadashikana imyaka 20 atera agabanuka, aho akaba ari inyuma y’aho Uburundi bunganije ibitsindo bitatu kuri bitatu, mu rukino rwahuje mw’ijoro ryo kuri uwu wa kabiri Intamba mu rugamba n’umurwi nserukiragihugu wa Niger usanzwe ariwo wakiriye iryo higanwa. Mu rukino rwa mbere, Uburundi bwari bwatsinzwe na Nigeria bibiri ku busa.

Umurwi nserukiragihugu wa Niger niwo watanguye gutsinda Uburundi, igice ca mbere gihera ari igitsindo kimwe ca Niger ku busa bw’Uburundi. Mu gice ca kabiri Niger yatsinze ikindi, biba bibaye bibiri ku busa bw’Uburundi.

Umukinyi w’Uburundi yakorewe ikosa, Saidi IRAKOZE yinjiza “Pénalty”, biba bibaye bibiri vya Niger kuri kimwe c’Uburundi. Ntivyatevye, Niger yashizemwo ica gatatu, haheze iminota mike na Jules ULIMWENGU, hamwe na KANAKIMANA Bienvenu, batsindira Uburundi umwe wese igitsindo kimwe. Urukino rwagiye guhera ari ibitsindo bitatu kuri bitatu ku mpande zose.

Amahirwe agenda aragabanuka ku Burundi, y’ukubandanya iryo higanwa, abakunzi b’intamba bakaba barindiriye ibizova mu rukino ruzohuza Uburundi na Afrika y’epfo bisabwa ko Uburundi butsinda.

Mu murwi Uburundi burimwo, Nigeria iza mu kibanza ca mbere n’amanota 4, hagakurikira Niger ifise amanota 2, ikaba inganya na Afrika y’epfo nayo ifise amanota abiri. Uburundi buza mu kibanza ca nyuma n’inota rimwe.

 

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS