Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

CAN U20 : Uburundi bwasezeye ihiganwa

Uburundi buhejeje gusezera ihiganwa ry’igikombe ca Afrika c’abakinyi badashikana imyaka 20, ihiganwa ririko ribera mu gihugu ca Niger. Umurwi nserukiragihugu w’Uburundi uvuye mw’ihiganwa inyuma y’ugutsinda na Afrika y’epfo mu rukino rwabaye ku mugoroba wo kuri uwu wa gatanu. Urukino rwaheze ari igitsindo kimwe ku busa bwa Afrika y’epfo.

Ico gitsindo ca Afrika y’epfo cinjiye mu minota ya mbere y’urukino, kw’ikosa ryakozwe n’abakinyi b’Intamba mu rugamba, umusifuzi atanga “Pénalty” yavuyemwo igitsindo. Urukino rwagiye kurangira imirwi yompi ata wundi asubiriye kubona izamu ry’uwundi.

Intamba U20 zasabwa gutsinda urukino rukurikira bazokina na Afrika y’epfo kugira bashobore kuronka amahirwe yo kuja mu ca kabiri ca nyuma, ibitashoboye gukunda. Uburundi busezeye ihiganwa ku manota abiri gusa mu nkino zitatu bwakinye.

Mu murwi Uburundi burimwo, mu gice ca kabiri gishira ica nyuma harenganye Afrika y’epfo na Nigeria, ibihugu vy’Uburundi na Niger yakiriye iryo higanwa bikaba bitahiye rimwe.

Igice ca mbere c’ihiganwa giheze ibihugu biri mu murwi Uburundi burimwo irushanya amanota n’ibitsindo uku gukurikira :

Nigeria : amanota 7, igitsindo 3

-Afrika y’epfo : amanota 5, igitsindo 2
-Niger : amanota 2, ibitsindo 4
-Burundi : inota 1, ibitsindo 3

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS