Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

CAN U23 : Uburundi bwasezeye ihiganwa

Uburundi bwasezeye ihiganwa ry’ukurondera imirwi nserukirabihugu izokwitaba igikombe ca Afrika c’abakinyi batarenza imyaka 23. Intamba mu rugamba zisezeye iryo higanwa inyuma y’ugutsindwa kuri uwu wa kabiri ibitsindo bibiri vya Congo Brazzaville kuri kumwe c’Uburundi. Mu rukino rwa mbere, iyo mirwi yompi yari yanganije ubusa ku bundi i Bujumbura.

Muri urwo rukino rw’ugusubiriza, Uburundi bwasabwa gutsinda canke kunganya na Congo Brazzaville, kugira bubandanye ihiganwa ry’ukurondera itike y’ukuzoja mw’ihiganwa ry’igikombe ca Afrika c’abatarenza imyaka 23, nk’uko Intamba z’abakuze (Senior) zabikoze ku munsi wa gatandatu mu kwironkera uburenganzira bw’ukuzokwitaba ihiganwa ry’igikombe ca Afrika kizobera mu gihugu ca Egypte, mu kwezi kwa gatandatu 2019.

Igice ca mbere caheze ari igitsindo kimwe c’Uburundi ku busa bwa Congo Brazzaville, igitsindo cinjijwe n’umukinyi Kanakimana Bienvenu, umusatirizi wa Aigle Noir FC amaze iminsi avyifatamwo neza, akaba mbere aheruka kugurwa n’umurwi wo muri République Tchèque, ku mubagane wa Buraya.

Mu gice ca kabiri, mu minota ya nyuma y’urukino, Congo Brazzaville yaragomboye ico gitsindo, yongera itsinda ica kabiri mu mwanya w’agasunuzo (Temps Additionnel), kuri “Penalty” yatanzwe n’umusifuzi. Uburundi buba burasezeye ihiganwa.

Abakinyi b’Uburundi batanguye mu kibuga ni : Mutombola Fabien (Umunyegori), Muryango Moussa, Ndizeye Eric, Ndaye Chancel, Ndikumana Tresor, Muryango Mabano Shabani, Ndayishimiye Youssuf, Museremu Iddy, Kanakimana Bienvenu, Ulimwengu Jules hamwe na Irakoze Saidi.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS