Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

CAN_U20 : Uburundi bwatakaje urukino rwa mbere

Umurwi nserukiragihugu w’Uburundi w’abadashikana imyaka 20 watsinzwe mu rukino rwa mbere rwawuhuje n’igihugu ca Nigeria, mu rukino rwabaye mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatandatu. Uburundi bwatsinzwe ibitsindo bibiri ku busa.

Muri urwo rukino, igihe ca mbere caheze iyo mirwi yompi inganya ubusa ku bundi, umurwi nserukiragihugu wa Nigeria ukaba wagiye kwinjiza igitsindo cawo ca mbere ku munota wa 55, cinjijwe na Nazifi YAHAYA.

Inyuma y’iminota 15 ico gitsindo ca mbere cinjiye, uwo murwi wa Nigeria washizemwo ica kabiri catsinzwe na Effiom MAXWELL, urukino ruca rurangira ari ibitsindo bibiri vya Nigeria, ku busa bw’Uburundi.

Abakinyi batanguye mu kibuga ku ruhande rwa Nigeria

16.Oremade
2.Zaruma
12.Ogbu
6.Ozornwafor
3.Udu
17.Abubakar
2o.Aremu
15.Mahammad
8.Alhassan
11.Aliyu
9.Nazifi

Abatanguye mu kibuga ku ruhande rw’Uburundi

2o.Rukundo
2.Ndiaye
15.Selemani
21.Ndoriyobija
11.Bigirimana
10.Muryango
6.Mbirizi
19.Kanakimana
8.Rukundo
4.Mohamed
7.Ulimwengu

CAN Niger U20 : Uku niko inkino z’umusi wa mbere zagenze :

– Niger 1-1 South afrika
– Nigeria 2-0 Burundi

1. Nigeria 3pts (+2)
2. Niger 1pt (0)
3. South afrika 1pt (0)
4. Burundi 0pt (-2)

Mu murwi Uburundi burimwo, inkino z’umusi wa kabiri zitegekanijwe kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 5/2/2019 i Niamey :

– South africa – Nigeria (16h30′)
– Burundi – Niger (19h30′)

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS