Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

CAN_U20 : Uburundi bwiteguriye urukino rwa mbere na Nigeria

Abaserukiye Uburundi mu nkino za Afrika z’abatarenza imyaka 20 bashitse kuri uwu wa gatatu mu gihugu ca Niger, bikaba bitegekanijwe ko abo bakinyi b’Intamba mu rugamba bagira imyimenyerezo ya mbere ku mugoroba wo kuri uwu wa kane igenekerezo rya 31 Nzero 2019. Uburundi buzokina urukino rwa mbere na Nigeria kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 2 Ruhuhuma 2019, isaha zibiri n’iminota mirongo itatu z’ijoro, amasaha y’i Bujumbura.

Uburundi buri mw’itsinda (Groupe) rimwe n’ibihugu vya Niger yakiriye iryo higanwa, igihugu ca Nigéria hamwe na Afrika y’epfo.

Izo nkino zizotangura kuva kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 2 gushika kurya 17 Ruhuhuma 2019.

Abakinyi 21 baserukiye Uburundi muri CAN_U20 ni :

1.RUKUNDO Onésime (Messager Ngozi)

  1. KITENGE Ally Tonton (Buja City)
  2. NDIZEYE Aimé Fales (Aigle noir)

4.SELEMANI Moustafa (Aigle noir)

5.NDORIYOBIJA Eric(Stand Utd)

6.NAHIMANA Steve (Kayanza UTD)

7.NDAYE Chancel (Rukinzo Fc)

8.BIGIRIMANA Ramadhan(Stand Utd)

9.MURYANGO Mabano Shabani (Aigle noir)

  1. EZA Armel (Kayanza UTD)

11.NSHIMIRIMANA Jospin (Aigle noir)

12.MBIRIZI Eric (Stand UTD)

  1. RAMADHAN Pascal (Musongati Fc)

14.KANAKIMANA Bienvenu (Aigle noir)

15.MAVUGO Cédric (Aigle noir)

16.ULIMWENGU Jules(Sunrise)

  1. IRAKOZE Saidi (Musongati Fc)

18.RUKUNDO Therence (KAYANZA UTD)

19.MOHAMED Amissi (Nac Breda)

20.HAKIZIMANA Héritier(Aigle Noir)

21.BARANDONDERA Abdoul Karim (Flambeau du Centre ).

 

 

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS