Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Cankuzo : Umuntu yagirizwa ubwicanyi yafashwe n’igiporisi

Umuntu azwi kw’izina rya Munyengabire Bernard wo ku musozi Rukoyoyo komine Cendajuru intara ya Cankuzo yafashwe n’igiporisi ku mugoroba wo kuri uwu wa gatatu yagirizwa ko ariwe yagandaguye akoresheje inkoho umugabo azwi kw’izina rya BUTOBUTO Gratien haraciye umwaka n’igice.

Mu giporisi c’Uburundi bamenyesha ko inyuma y’ukugandagura uwo muntu, uwo yafashwe yaciye ahungira mu gihugu ca Tanzaniya.

Amakuru atangwa n’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano Petero Nkurikiye avuga ko uwo yagirizwa ubwo bwicanyi yafatiwe ku musozi Rukoyoyo komine Cendajuru intara ya Cankuzo aho asanzwe avuka.

Mu giporisi bavuga ko uwo yafashwe ariko arakorerwa idosiye kugira ashikirizwe ubutungane.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS