Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Cibitoke : Abantu indwi bakomerekeye mu gitero

Abantu indwi barimwo batatu basinzikaye cane nibo bakomerekejwe na Gerenade yatewe mw’ijoro ryo kuri uwu w’Imana muri zone Gasenyi, komine Buganda, intara ya Cibitoke.

Iyo Gerenade yatewe nk’igihe c’isaha zibiri n’iminota mirongo ibiri z’ijoro, mu bunywero bw’uwitwa Bosco Murekambanze, ikaba yakomerekeje abantu indwi, batatu muribo nibo bababaye cane nk’uko vyemezwa n’igiporisi c’Uburundi.

Petero NKURIKIYE avugira ubushikiranganji bw’umutekano amenyesha ko uwateye iyo gerenade ataramenyekana, ariko ko amatohoza yatanguye.

Abakomeretse bariko bavurirwa mu bitaro bikuru vy’intara ya Cibitoke.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS