Amakuru AgezwehoBurundi

Cibitoke : Amazu arenga 150 yabomowe n’imvura

Amazu arenga ijana na mirongo itanu niyo yabomowe n’imvura yaguye kuri uwu wa kane ku musozi Murambi, komine Buganda, intara ya Cibitoke. Abanyagihugu bene ayo mazu basaba ko bagarukirwako.

Iyo mvura nyinshi ivanze n’umuyaga yarabomoye kandi n’amasengero abiri, hamwe n’ibirasi vy’amashure. Abanyagihugu bo kuri uwo mutumba bavuga ko n’ibikoresho vyo muri ayo mazu yabo vyononekaye.

Icegera c’uwurongoye umutumba Murambi amenyesha ko banyagihugu bataraye mu mihana yabo, kuko amazu yabo yari yasambutse, agasaba abajejwe intwaro ko bogarukira kuri abo banyagihugu batagira aho bakika umusaya.

Tags
Show More

Related Articles

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Close