Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Cristiano Ronaldo yafashije Juventus de Turin kubandanya ihiganwa

Cristiano Ronaldo yafashije umurwi wa Juventus de Turin gushika mu gice ca kane gishira ica nyuma c’ihiganwa rya UEFA Champions League. Ibitsindo bitatu yinjije wenyene vyatumye umurwi wa Atletico Madrid usezera ihiganwa. Schalke 04 yo mu gihugu c’Ubudagi nayo yatsinzwe nk’iyitaje umutekero w’ibitsindo indwi vyose, aho ni mu gihe abakunzi ba FC Barcelona barindiranye igishika ibiza kuva mu rukino rw’ugusubiriza ruhuza uwo murwi wo muri Espagne na Olympique Lyonnais yo mu gihugu c’Ubufaransa.

Mu rukino rw’ugusubiriza rwabaye mw’ijoro ryo kuri uwu wa kabiri, Atlético Madrid yatsinzwe bitatu ku busa ku kibuga ca Juventus de Turin mu Butariyano, aho tukabibutsa ko mu rukino rwa mbere, Juventus de Turin yari yatsinzwe bibiri ku busa, mu rukino rwabaye mu kwezi guheze, mu gihugu ca Espagne. Inyuma y’urwo rukino, ibitsindo vyose vyaciye biba bitatu vya Juventus kuri bibiri vya Atletico Madrid yo mu gihugu ca Espagne.

Igitsindo ca mbere ca Juventus cinjijwe na Cristiano Ronaldo ku mutwe, ku munota wa 27 w’urukino, ica kabiri cinjira inyuma y’iminota itatu gusa iyo mirwo yompi ivuye mu karuhuko, Cristiano Ronaldo akaba yagitsinze ku mupira yahawe na Joao Cancelo.

Cristiano Ronaldo nyene yatsinze igitsindo ca gatatu cahaye Juventus amahirwe y’ukubandanya mu gice ca kane gishira ica nyuma c’ihiganwa rya UEFA Champions League. Ico gitsindo yacinjije kuri “Penalty” yatanzwe igihe Correa yakorera ikosa Fernando Bernadeschi mu kibanza bita “Surface de réparation” ku munota wa 86.

Inyuma y’ugutsinda ibitsindo bitatu wenyene, Cristiano Ronaldo yanditse amateka y’ugukwiza ibitsindo 124 mw’ihiganwa rya UEFA Champions League, akaba ari nawe ari kw’isonga mu bafise ibitsindo vyinshi muri iryo higanwa, akurikirwa na Lionel Messi afise ibitsindo 106.

Ku zindi nkino z’igice ca munani gishira ica nyuma mw’ihiganwa rya UEFA Champions League, umurwi wa Schalke 04 watsinzwe nk’uwutaje, ibitsindo indwi ku busa na Manchester City, mu rukino rw’ugusubiriza. Mu rukino rwa mbere, Manchester City yari yatsinze bitatu kuri bibiri vya Schalke 04. Ivyo bitsindo vyose bishizwe hamwe mu nkino zompi, Manchester City ica iba yatsinze ibitsindo 10 kuri 2 vya Schalke 04.

Muri urwo rukino rw’ugusubiriza, Sergio Agüero yatsindiye Manchester City ibitsindo bibiri, Leroy Sané, Raheem Sterling, Bernardo Silva, Phil Foden hamwe na Gabriel Jesus umwe wese atsinda igitsindo kimwe.

Mu rukurikirane rw’inkino z’igice c’umunani gishira ica nyuma, mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatatu, FC Barcelone irakira Olympique Lyonnais banganyije ubusa ku bundi mu rukino mbere, aho ni mu gihe na Bayern Munich yakira Liverpool. Iyo mirwi yompi nayo yanganyije ubusa ku bundi mu rukino rwa mbere.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS